Ihiganwa Miss Burundi mw’ishusho nshasha n’ikirango gishasha

53
miss Burundi

Kuva aho ishirahamwe Ingo Magazine ritsindiye isoko ryo gutegura bushasha ihiganwa Miss Burundi, ryamaze gushira ahabona ikirango (logo) gishasha kigiye kuranga iryo higanwa. Kuva kuri uyu wa 22.12.2024, haratangujwe mbere n’izindi mbuga ngurukabumenyi nshasha zizocako amakuru yose avuga ibijanye n’iryo higanwa.

Ico kirango gishasha kirangwa n’umwigeme yikoreye urugori hejuru y’umutwikiro, yambaye ibikomo n’umutamana ufuka gushika mu gikiriza. Aho ni mu gihe abatari bake babona ko ico kirango ataho gihuriye n’uburanga bw’umwigeme w’umurundi ndetse ko bitajanye n’iryo higanwa rya Miss Burundi.

Iruhande y’ikirango n’imbuga ngurukanabumenyi zahinduwe, batanguje nshasha. Aho twovuga nk’urubuga X. Abatunganya Miss Burundi bakaba bamenyesheje ko batashoboye kuronka uburenganzira bwo gukoresha imbuga zahahora kugira babandanye kuzikoresha.
Inyuma y’ivyo vyose, abatunganya Miss Burundi bongeye gushimira abariko baratanga ivyiyumviro bose kandi ko ivyiyumviro bizoba vyiza bizoshobora gukorerwako. Ubu ku rubuga X, Miss Burundi bakoresha urubuga (@_MissBurundi)

53 thoughts on “Ihiganwa Miss Burundi mw’ishusho nshasha n’ikirango gishasha

  1. Impanuro za gusa,Abatazi kugendeza ibirato birebire ndabinginga nimbabazi zimana ntimuzojeyo ngo mutumaramaze kuko vyama vyabaye no kubasirimu.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights